Leta zunze ubumwe bw’Amerika iragabisha abatera umudugararo mu Burundi (communiqué)

a

Publié le 18 mai 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 8 Commentaires.

  1. Turasavye amakungu nacane cane Leta zunzubumwe bwa America ko bova mumajambo bagashira mungiro ibikogwa .Mumisi yahera igihe haza intumwa intumwa idasanzwe ya Leta zunzubumwe bwa America, yarivugiye ko Leta zunzubumwe bwa Amerika imaramazwa nivyashikiye uburundi muri kahise ikaba itigeze itabara; iyo ntumwa idasanzwe yaciye yemerere uburundi ko leta zunzubumwe bwa america igiye kuva mumajambo igashira mubikogwa kugira ikingire agateka kazinamuntu muburundi. Turasavye rero ko yodutabara guko igateba izohava iza guharura imivyimba kandi vyarigushoboka ko ikiza uburundi hakiri kare.

  2. Jeanne-Francoise McCurdy

    Thank you United States of America! And well said!
    Proud to be an American!
    God bless America and Burundi!

  3. NDIHOKUBWAYO Floride

    Floride Ndihokubwayo
    Abarundi baca umugani ngo: »Agasozi kari amarere kahiye abagabo babona ». Abarundi barahanuye, incuti n’abagenzi b’Uburundi barahanura kuvyerekeye 3ème mandat, ntibumviwe. None tugeze aho dufatirwa ibihano tugaharirwa isoko. Ni ubwa mbere kuva Uburundi bubaho tubura abadufasha gutunganya amatora.Ni induru z’amatora tuzibonye aho régime CNDD-FDD itunganirije amatora, muri 2010 na 2015. Naraye nguye mu gahundwe aho numva ngo kubera ko tutagifise abaduha amahera yo gutunganya amatora yo mu gifuri, ngo umurundi wese azoterere. Aha nagomba nibutse Leta ko mu bakozi bayo hari umwana n’ikinono. Ku ntwaro ya CNDD-FDD hari abongerwa imishahara abandi batubitse umukanda. Twarasavye kenshi harmonisation des salaires, Leta irabitwima kandi yarabitwemereye. Aha nagomba ngabishe Leta ko umushahara dufise ari uwacu kandi utadukwiye. Umunsi Leta izowukorako tuzoja mw’ibarabara baturasireyo nk’uko bamenyereye kubikora, akarenganyo katugeze ahantu. Le gouvernement est le seul responsable du retrait des bailleurs qui normalement financent les élections par conséquent il doit assumer. Aux syndicats des travailleurs nous vous demandons à être vigilants et à faire ce que la loi nous permet, c’est-à-dire manifestations,grèves, intenter l’action contre le gouvernement devant les tribunaux nationaux et intenationaux,etc.

  4. Ndayahundwa Jean Clovis

    Agahugu k’Uburundi kaza ubugira 2 uvuye kumpera y’urutonde rw’ibihugu bikenye cane kw’isi. Kazeye « imfashanyo z’abagiraneza ». Nutwo kita ikigega ca Leta, twahuye n’amasiha
    ( abakegesi) kubudyo ubonye Umurundiwimyaka 30 womuha imyaka 70 !!!
    Mbe ndabaza aho Abasirikare b’Uburundi buca
    bava mubikorwa vyo kugarukana amahoro, umukuru w’igihugu n’abamushigikiye barotunga imiryango yabo basirikare? Numva ngo Umukuru w’igihugu ni  » Pasitori « , none ubwo ntiyokwikubita agashi akigana akarorero
    k’umuvugishwa n’imana Yona, akareka guta igihugu cose mukaga bivuye ku Inda yiwe ndende? Ubwato bugiyekurusoma Yona yahisemwo ko bamuta mu kiyaga kugira abasiye barokoke( Yona 1: 4- 15)

  5. Abarundi bumutima bose bifatanye na Niyombare na Cyrille twomore aba bagabo bari kumwe na Peter na Nyamitwe. Abapolisi nimbonerakure babambitse impuzu za gisirikare ngo babanduze iceyi ngo nabo bafatirwe ibihano namakungu.

    Gaciyubwenge aho twakubwiriye uza waseruka, ba umugabo amahera arahera ariko izina ryiza ni agateka gashikana mwijuru. bugire buce

    • mwifatanye na nde? mu gukura nde? nukuri mu gihe mu Burundi hazoba hakiri abantu biyumvira nka mwebwe ntaho turiko turaja ukwihorahorana ubona vyodushikana he? twubake igihugu cacu tureke kwisamburirako nk’impene twaratakaje igihe gikwiriye harageze ko tuja ku kivi ata kwigizanyayo.

    • Mana kiza ubu burund.

      • Abo bantu bose bafise amacakubiri ntaho azobashikana. Ni mureke peter yitwarire. Uyu mwanya murarambiwe? Harakantu yokwiza imyaka miro ngo ine nkiyo mwamaranye igihugu mugifukamye mu nda hoho mwoca mwiyahura. Mwibaza ko abarundi ari ibijuju? Bigica mu matora ntimuzogaruka gutwara igihugu.

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :