Trois ans que la dépouille du Roi MWAMBUTSA a été déterrée !

Trois ans que la dépouille du Roi MWAMBUTSA a été déterrée !

Dec 001Dec 002

Publié le 25 mai 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 11 Commentaires.

  1. Jewe ndashigikiye iyo ntwaro ya cami ishingiye kw’ibwirizwa nshingiro kuko intwaro za répubulika ntaco zamariye abarundi n’uburundi. Zatuzanyemwo indyane n’ubwicanyi butagira izina kuva intwaro ya cami itembagajwe n’ababirigi. Igituma izo ndyane n’uko atari yo ntwaro kama y’igihugu cacu.Abitwaza amoko baciye bamera magabo bakorana n’abazungu kugira twame mu ruhagarara abo bazungu babandanye baducinyiza n’aho bavuga ngo twarikukiye.Ako kagwi kumva kanezerezwa n’intwaro ya répubulika n’uko koko katumva kumbure ububabare bw’intwaro ituzuriza bose. Ikindi natahuye n’uko umu Présida yama afise ububasha burengeye akongera akaba umunyamugambwe bigatuma yibyagira abarundi bose akihatira guteza imbere abo mu mumugambwe wiwe gusa hamwe n’abamushigikiye rya zina rya SEBARUNDI rikamuvako , abo yibagiye bagasigara bamubonamwo umugambwe wiwe gutyo bigayuma atizerwa na bose tugaca twam mu ruhagarara rwo gushaka kumubogoza nawe akanana bigatuma igihugu gisubira inyuma aho gutera imbere. Ariko ico nshimira intwaro ya cami n’uko umwami aja hejuru y’imigambwe maze akaba SEBARUNDI koko akumviriza bose , agahumuriza bose , akaba Umuhuza w’abarundi bose akongera akubahiriza bose .Nta butegetsi buhanitse aba afise kuko ataba ari we mukuru wa reta .Umukuru wa reta ava mu mugambwe uba watsinze amatora ( 1er MINISTRE) . Uyo nyene niwe anashinga abagize reta hama umwami nawe agahanura kugira ntihagire uwurenganya uwundi haba mu banyamigambwe canke ku bandi bose.None ni nde atohimbarwa n’iyo ntwaro?

    • Butlos, inyishu utanze iratanze umuco. Umwami yoza asubiza abarundi mu mahoro akwiye gushigikirwa n’abarundi bose kiretse nimwaba mwifuza ibindi.
      Abarundi bararushe bakeneye amahoro gusa!!! Democratie ikora neza ku ntwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro.
      Abarundi twarabuze ihero ry’imiti! Uwuje kuguha umuti ugira ucikane, ubanza kumubaza iyo avuye canke ubanza kunywa umuti ugatora mitende?

      Abo bazungu babazaniye ayo ma democrasi ya republika soma aha hepfo urabe ivyo bavuga:

      1. L’impartialité et la continuité sont des aspects importants du gouvernement, et il est douteux que toute forme de gouvernement démocratique encore découvert les fournit à une plus grande mesure que ne le fait la monarchie constitutionnelle.

      Sydney D Bailey, la démocratie parlementaire britannique, Harrap , 1959 .

      2. Je remarque que les monarchies constitutionnelles sont les pays les plus démocratiques de l’Europe. Je ne comprends pas comment il pourrait y avoir de débat à ce sujet.

      Jack Lang, ministre français de la Culture Octobre 1993

      3. Si la monarchie constitutionnelle devait prendre fin en Grande-Bretagne, la démocratie parlementaire ne serait probablement pas survivre. C’est, après tout, à travers la monarchie que le contrôle parlementaire sur les forces armées est médiatisée et maintenue.

      Conor Cruise O’Brien, The Independent, le 25 Juin 1993.

      4. Je suis personnellement convaincu encore qu’il existe des garanties à la monarchie constitutionnelle qu’un chef d’État élu n’aurait tout simplement pas posséder.

      Roger Stott MP, The Independent, 7 Septembre 1997 .

      5. La monarchie est le seul système de gouvernement où le pouvoir est exercé pour le bien de tous.

      Aristote, 322-384 av.JC.

      6. La monarchie est un arbitre politique, pas un acteur politique, et il ya beaucoup de sens dans le choix de l’arbitre par un principe différent de celui des joueurs. Il diminue le risque que l’arbitre pourrait essayer de commencer à jouer.

      Earl Russell, The Spectator , le 11 Janvier 1997

  2. Yaco mwihenda, acceptent la realité. La majeur partie du règne Mwambutsa était sous la colonisation belge. Ababiligi nibo batwara notre roi était un symbole, ntaco yarafise avuga, jusqu’à l’indépendance. Mwarabonye ivyabaye aprės? Murabaza ba sokuru banyu c’est fini. La rėgne royal burundaise appartient à l’histoire du pays.Ivyerekeye democratie turinda kuyigwanira c »est notre droit, pour y arriver il faut souffrir C’est la nouvelle génération africaine bahagurutse. Abo bose barahaciye Abanyabulayi, Abarusiya Aba hinwa. Il y aura une génération africaine qui connaîtra la paix.

  3. Sieur kirokire nsingusavye ngo wemere ivyo nanditse,mugabo ico nokubwira kandi nzi neza cane,nuko uburundi kugire busubizwe iteka itekane,buhezagigwe nuko bwosubira kuronka umwami ,ivya république muri africa turiko turabona iyo bidushikanye,mu myaka itari myinshi nkaba ndakwifurije kuramba kugire uzobone ingene umwami azogaruka mu burundi,sikera

  4. Nibasonere icifuzo ciwe, bamureker’amahoro.Twarakund’umwami wacu Mwambutsa.Ibisigaye Uburundi bwarakuze, Uburundi buzotwagwa n’uw’abarundi bitoreye.C’est la démocratie.

  5. Nanje ndifuza ko bosubira bakamushingura mu ruhafu rwiwe aho yifuje (Suisse). Nayo intwaro ya cami. Non merci!! Iya nkurunziza , non plus. On n’en peut plus. Uwundi wese afise ivyiyumviro vyubaka, arahawe ikaze.

  6. reka kudusubiza inyuma. umwami nashinguranwe iteka nkuko ikiremwa muntu gitegerezwa kubahwa. abamuzuye nabo basabe ikigongwe. mugabo gusubira mu ntwaro z’icami ntibikunda! urabaza abakira abavyeyi bibarutse, ntabakivukana imbuto! haranira demokarasi, ivyo bindi vyarataye igihe!

    • Yaco mwanka umuti w’ingorane z’Uburundi muwubona mwigira abazungu kurusha abazungu!
      Ibihugu Uburundi bwama buriko burasega mwo imfashanyo canke abarundi bama bariko barasabira mwo ubuhunzi s’ibihugu vy’intwaro ya cami?
      Uribaza igituma ababiligi, basize batembagaje monarchie mu Burundi kandi iwabo ariyo ikora gushika uno munsi.
      Ayo ma Republic yaje caduka aguma ahonya beneburundi ntaho azobashikana!
      Kuvukana imbuto nta murundi vyishe!
      Tubashakira amahoro.
      Niwaba utavyumva uradusiguza.

      GIRA IMANA UMWAMI UBURUNDI.

    • Muvuga ko intwaro Y’UBWAMI mu Burundi yataye igihe AHUBWO NI MWEBWE MURIKO MUSIGWA N’IBIHE! !!

      • murabanza musome amabwirizwa ahari ubu. intwaro yose yumvikanyweko n’abarundi kandi igatuma ighugu gitera imbere niyo nzira nziza. ishobora kuba intwaro ya cami canke républika. ariko aho tugeze nibazako atawokwemerako hari umuntu avukana imbuto canke umuryango wotwara kubera ingene n’aho umuntu yavukiye(lignée royale)

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :