« Le président Nkurunziza doit respecter la constitution » selon Ban Ki-moon

ban 3ème mandatDans une interview exclusive accordée à France 24, le Secrétaire-générale des Nations Unies Ban Ki-moon a appelé le président Pierre Nkurunziwa à respecter la constitution. Celle-ci limite le nombre de mandats présidentiels à deux. Mais le président sortant est candidat à un troisième mandat et l’élection présidentielle a été fixée par les autorités pour le 15 juillet malgré les pressions internationales pour les retarder.

En prenant clairement position sur cette question explosive au moment où il envoie un nouvel émissaire sur place, le patron de l’ONU accentue encore la pression sur le président afin qu’il renonce à son projet.

Suivez l’extrait vidéo sur notre page facebook ... cliquez ici …

Publié le 25 juin 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 6 Commentaires.

  1. Pita,un président voyou dirige un pays des braves.quel paradoxe?

  2. mwibuke ko bagaza yakoze ibikorwa gushika nubu biranga uburundi,ikimbabaje numvise,nuko yashirako i na u bisigura ubwoko.nanje ivyo bintu ntavyo nkunda mumutima wanje.biragatsindwa.

  3. bonjour aux lecteurs de ce site.je viens de lire ahantu havuga ngo nkurumbi yatwaye nka nde,et j’ai pu faire une copie de ces lignes suivantes.. Umuganwa RWAGASORE LOUIS yaranzwe no guharanira ukwikukira kw’Uburundi ,yari intungane, yashira imbere ubumwe bw’abarundi ariko yagandaguwe atabonye ivyo birori. Twokwibutsa ko n’ijambo ry’ukwikukira kw’Uburundi ryavuzwe n’Umushikirangoma MUHIRWA Andereya, kandi n’ubu rikaba ritavugwa.

    Mu mwaka w’1966, haciye hatangura intwaro za gisirikare ari naho Kapiteni MICOMBERO MICHEL Perezida wa mbere wa Republika y’Uburundi yashika ku butegetsi bw’igihugu afashijwe n’igisirikare .Benshi bamwibukira ku makuba yashikiye Uburundi mu mwaka w’ 1972 aho abarundi isinzi bagandagurwa bazira ubwoko abandi bagahunga .Intwaro yiwe yaranzwe n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwanahitanye Umwami wa nyuma NTARE V NDIZEYE CHARLES .

    Inyuma y’ayo makuba y’akajembegete yari yaguye ku Burundi, hari na bamwe muri ico gisirikare nyene batabona neza ivyo bikorwa bigayitse; niho Koloneri BAGAZA JEAN BAPTISTE, afashijwe nawe nyene n’igisirikare yasenyura intwaro yahahora, gurtyo akura ku butegetsi Kapiteni Micheli MICOMBERO. Yararanguye ibikorwa bitari bike vy’iterambere , ariko mu vyerekeye politike abarundi benshi bagumye mu ruhagarara ; mu mashure naho hari umugambi wo gutandukanya ubwoko bakoresheje urudome I imbere y’izina ry’umunyeshule w’umututsi n’urudome U imbere y’ iry’umuhutu .Ntitwokwibagira ingorane yagiriraniye na Ekleziya katolika igihe yiha kwugara amasengero no gupfunga abihebeye Imana, gurtyo rero aba taye icizere mu barundi n’amakungu.

    Muri urwo rukwirikirane nyene, abasirikare bava mu ntara ya Bururi n’ikomine imwe ya Rutovu bari bamaze gusoserwa n’ubutegetsi; nico gituma ibomborabombora ry’ubutegetsi riva, mu gisirikare ryahagurukana Majoro Petero BUYOYA yaje yemerera abarundi ko agira azane intwaro irangwa n’ubumwe aca ashikira ubutegetsi; akoresha amatora yo kwemeza ubumwe bw’abarundi. Kuri benshi ubwo bumwe bwabaye ubwo mu majambo gusa .Umuzo w’imigambwe myinshi ntiwamwereye ;yaratsinzwe mu matora yo mu 1993.

    Kubera umuzo w’imigambwe myishi, intsinzi y’amatora yatahukanywe n’Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wari wasize kw’isonga NDADAYE MELCHIOR. Inyuma y’amezi atatu gusa yaciye agandagurwa n’abansi ba demokarasi, ajana n’abategetsi batari bake bakuru bakuru bava mu mugambwe umwe gushika no ku watwara Inama Nshingamateka ;abarundi basigara mu ndyane zamaze imyaka irenga icumi. Urukurikirane rw’aba Perezida b’abahutu rwari rutanguye naho nyene amagume kuri bo yari yadodoye kw’irembo. NTARYAMIRA CYPRIEN yari yatowe n’Umugambwe wa NDADAYE ngo amusubirire naho nyene ata mahirwe yagize yo kurambira ku butegetsi bw’iguhugu c’Uburundi; yatwaye amezi abiri gusa aca ahitanwa n’isanganya ry’indege ari kumwe na Perezida w’Urwanda HABYARIMANA JUVENAL . Benshi bamwibukira kw’ijambo ryiwe ashimikira kuri discipline . Abari bacitse kw’icumu mu bagendanye na NDADAYE, barisuganije batora NTIBANTUNGANYA Sylvestre yari asanzwe ari umushikiranganji w’Imigenderanire no gufashanya n’amakungu, abanje gutanga imihoho muri ayo mabanga, aca ashikanwa kurongora Inama Nshingamateka kugira ibwirizwa nshingiro ryubahirizwe, gurtyo ashobore kuba Umukuru w’igihugu. Yatwaye mu gihe kigoye cane gushika naho Major BUYOYA amubogoza agaruka ku butegetsi ubugira kabiri; hari ku wa 25 Mukakaro 1996. Kubera ko igihugu cari kimaze kuja mu ntambara, vyatumye haba ibiganiro vyashikanye Uburundi ku masezerano ya Arusha mu mwaka wa 2000. Vyabaye ngombwa ko ighugu gitwarwa mu ntwaro mfatakibanza ari naho NDAYIZEYE Domisiyano yashika ku butegetsi. Ico gihe yarugaje amaradiyo yigenga, RPA n’ISANGANIRO kuko yatanze amakuru y’abaroberi; ico gihano kikaba giteye kubiri n’umwuga wo kumenyesha amakuru.

    Inyuma y’iyo ntwaro mfatakibanza haciye hategurwa amatora yo mu mwaka w’2005 ari nayo yashikana NKURUNZIZA PIERRE ku butegetsi arungitswe n’umugambwe CNDD-FDD wari wizigiwe n’abarundi benshi, ugatsinda amatora y’abahanuzi mu makomine, ay’abashingamateka n’ay’abakenguzamateka. Haheze igihe gito yagendeye intara ya BUBANZA. Mw’ijambo ryiwe ,yashikirije ishengero ryari ryaje kumukeza ko atabaye Perezida ku bw’amajwi y’abamutoye. Ku bategereye neza bisigura ko yagwije n’ubusa urugamba rw’abanyagihugu be n’ibikorwa vya politike vyaranguwe kugera aho ashika ku ntebe y’igihugu . Inyuma y’umwaka umwe gusa ari ku butegetsi, yatanguye kwereka abo bagendanye ko atacibuka ya ndahiro yarahirira I MAKAMBA. Yarahiye muri aya majambo aremereye ati :

    ”Jewe NKURUNZIZA Pierre, ntewe iteka n’umuhari CNDD-FDD ngo ndawuserukire mu nzego; ndarahiye imbere y’Imana mushoboravyose n’abagumyabanga bose abahari n’abiguze igihugu ko nzogendera akarangamutima k’umuhari no kwamiza ku mutima mu mvugo no mu ngiro ineza y’abo twasangiye urunani ku neza y’abanyagihugu. Vyongeye, niyemeje kugira ingendo n’inyifato itera iteka umuhari n’abanyagihugu. Ndemeye umuvumo w’Imana igihe cose norenga kuri iyi ndahiro.”

    Iyo ndahiro y’agacamutwe yayatuye imbere y’isinzi ry’abagumyabanga bakinje, afashe mu kuboko kw’ukubamfu amabendera y’igihugu n’iry’umuhari, ukuboko k’ukuryo nakwo gufashe Bibiliya ntagatifu.

    Ariko rero, uguhemuka yarakuvukanye koko: amaze gushika ku butegetsi ntiyamaze na kabiri aba ararenze kuri yandahiro yemererako umuvumo w’Imana. Yaciye ahinduka nk’inzoka yo mu nda abo bagendanye, bamwe arabicisha, abandi arabangaza abandi nabo abata mu mvuto. Yifashishije ubutungane butacigenga, igipolisi n’urwego rw’iperereza, arubahuka uwo yahora yita Mutama wiwe, uwo yita ko ari nka se wiwe, uwo yita ko yamurokoye kandi ari nawe akengurukira aho ageze kuko naho apfuye urundi, aribuka neza kandi aremanga aho yamushikanye, amuta mu munyororo aho n’ubu avundiye; uwo nawe ni Umushingamateka El-Hadj Ussein Radjabu. Uwuri mu batanguje urugamba rwa CNDD-FDD, umushingamateka NZOBONIMPA Manacé nawe nyene aheze hanze y’igihugu camwibarutse kubera ububisha bw’uwo Mukuru w’Igihugu nyene inyuma y’aho arondereye akatari gake kumugandagura. Umushingamateka Pascaline KAMPAYANO abarwanyi bose ba CNDD-FDD bari bazi kw’izina rya ”Mama Zuru” aheze mu buhungiro.

    Ntitwokwibagira na gato urupfu rw’agashinyaguro rwashikiye Jean Petty NDUWIMANA yahora ari umukozi w’iperereza yahoze acungera ubuzima bwa Petero NKURUNZIZA ku rugamba, akaba yapfuye amuvuye mu ntoke nk’uko amaradiyo nka yose yabishikirije abarundi n’amakungu.

    Baca umugani mu Kirundi bati amabi y’I kuzimu woyabaza ikizinu co giherukayo; intwaro ya NKURUNZIZA nta mabi itadusigiye: igihugu giharurwa muri bitatu vya nyuma kw’isi kikaba ica mbere mu kurya ibiturire mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko, kikaba mu vya mbere birangwa n’intwro mbi kandi bitubahiriza agateka ka zina muntu. Nta musi n’umwe urengana ata nkumbi iguye. Imbere y’amategeko Perezida Petero NKURUNZIZA yarasenyuye inkingi yokwubakiyeko Demokarasi mu kutubahiriza amategeko agenga igihugu. Imbere y’Imana yaracumuye mu kurenga ku ndahiro, yari akwiye gusaba ikigongwe Imana, abarundi n’amakungu. Ikibarirwa ni icumva, iyaba yumva yokwigaruye akibishobora kugira ntaze abure isi n’ijuru.iryo jambo rero umuganwa atari umugani RWAGASORE yavuze,niryo dukeneye kugendera ubu tubona uburundi bugeze ahatemba.

    Umuganwa RWAGASORE LOUIS yaranzwe no guharanira ukwikukira kw’Uburundi ,yari intungane, yashira imbere ubumwe bw’abarundi ariko yagandaguwe atabonye ivyo birori. Twokwibutsa ko n’ijambo ry’ukwikukira kw’Uburundi ryavuzwe n’Umushikirangoma MUHIRWA Andereya, kandi n’ubu rikaba ritavugwa.dukeneye ubutungane kuri bose umurundi canke umunyamahanga.dukeneye iterambere kuri bose,dukeneye amahoro kuri bose na hose.erega,ntavyubahenda,uburundi buzogera aho buronka indongozi nyakuri ikunda abarundi.naho urwo rugabo rwigira ikimana cuburundi,mbega ko gisigaye ariconyene,nutwo dupolisi twiwe dutanguye kubona ko jhababa,tugiye kumwihakana izuba ryaka.nimurindire gatoya gusa.muzobona yiruka nka gahini.ndabateye intege mugume kurugamba,,nkaba nshimiye igikorwa utwana two ku musaga twaraye dukoze mukwitera iteka mukwikurako abo bansi bari baje kubatera.erega mutahabereye abagabo bazobinjirana babamare mwabantu mwe.mukomere bahungu mwirarira.sinifuza kwica,ariko mugize regitime defense muzoba mukoze neza.mumenye yuko uko kuza kubaka inkoho baba bagomba kumusighara iminwe misa,hanyuma baze baze babahonyange uko bigombera.mwibuike ko bariko bategera guhanya abantu izuba ryaka.mukomere basha.

    Ayandi makuru

    Copyright © 2010 Burundiimage| All Rights Rese

  4. Batamuhongoye amenyo ntarekura kuko ibisazi vyaravyutse

  5. None gayemwe arakenye yigire intumva Kananira bagabo ntiyimye azopfa nkimbwa.

  6. Il est temps qu’il rénonce à la 3ème mandat parce que l’ONU veut prendre de chose en main, la voix diplômatique n’a pas marché même l’UE a déjà pris la décision, ça va tarder. Alors il lui reste 3 jours… Si non il aura le prix de son indifférence.

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :