L’Honorable El Hadj HUSSEIN Radjabu envoie des émissaires à Addis-Abeba

IBIKURU MU IKIYAGO HAGATI YI’NTUMWA YA CLUB DES DEMOCRATES NA EL HADJ RADJABU HUSSEIN KU BIJANYE N’INAMA YA ADDIS ABEBA N’IBINDI BIBAZO VYEGA UBURUNDI BWA NONE

radjabu addisAbenshi bari biteze ko RADJABU HUSSEIN arongoye umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kwubahiriza amategeko yitaba inama yo kuri uyu wa 29 / 7 / 2015 ihuza abanyepolitike biyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero NKURUNZIZA ariko siko vyagenze. Abagize club des démocrates bashatse kumenya ko yoba yinuvye iyo nama ,niko kuronderera kumenya iryo agona kuri ico kibazo no kubindi.

1. Abajijwe ko yoba yinuvye iyo nama mu kutayitaba yishuye ko atariko biri. Yamenyesheje ko abo arongoye baserukiwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Umushingamateka MANASSE NZOBONIMPA hamwe n’umuhanuzi mu vya politike n’imigenderanire wa CNDD-FDD arongoye ariwe AMBASSADEUR HASSAN RUKARA.

Yamenyesheje ko isango ry’iyo nama ryageze atari bwaheze urundi rugendo yarimwo rujanye n’urugamba rutarahera. Yongeye ko kubwiwe yihweje ijunja ry’abamuserukiye hamwe n’ijambo batelerewe bisa n’uko we nyene ubwiwe yahibereye.

2. Ku kibazo c’intumbero y’iyo nama Radjabu HUSSEIN amenyesha ko ayifata nk’iyo kunonganza no kunagura urugamba rwitiriwe Muvema Arusha rwabonekeye mu myiyerekano yatanguye kuwa 26 / 4 / 2015 PETERO NKURUNZIZA yaraye yigenye mu bitoza mu matora ya 2015. Ati kandi n’umukenyuro wo gukomeza urunani hagati y’abasangiye urugamba mu gukosora amakosa amwe amwe no kumenyana kurusha. Ati hazoba akaryo ko gushinga Inama y’Igihugu yishinze kwubahiriza amasezerano y’i ARUSHA n’intwaro igendera ku mategeko mu BURUNDI yiswe « CONSEIL NATIONAL POUR LA RESPECT DE L’ACCORD D’ARUSHA ET LA RESTAURATION DE L’ETAT DE DROIT AU BURUNDI ».

Ku bijanye n’ingene iyo nama izokora imaze gushingwa yamenyesheje ko bipfundikwa kuri uyu wa 30 /7 / 2015 kandi ko ari ukubangira kuko bihava bimenyesheshwa abanditsi n’abamenyeshamakuru ibikogwa birangiye. Ibikogwa vy’i Addis Abeba ngo bizobandanyiriza no mu bindi bihugu kuko imikenyuro yokwunganira urugamba izoguma ifatwa gushika amasezerano ya ARUSHA yiganje. Yahanuye gusa bagenzi we ko Iyo nama igiye gushingwa batoyifata nk’iyo kwipanga canke kunigaganira ibibanza. Hamaze kwibonekeza abafise inyota nk’iyo ugasanga batanguye gutega udutego abandi. Ku bwiwe ngo ivyo bishobora gutuma iyo nama idaheza ngo ironke inguvu zikwiye zo kugwanya umwansi w’amasezerano ya Arusha na Demokarasi y’abarundi. We n’abo arongoye ngo ntaco batazokora kugira urugamba abarundi barimwo rutere ruja imbere mbere banarutsinde rutadindiye.

3. Ku bijanye n’imigenderanire n’abo bari basangiye umugambwe PETERO NKURUNZIZA aherutse kwigarama biswe aba « frondeurs « nabo bakiyita Abaryumyeko, yamenyesheje ko abatari bake muri bo bakorana neza nkuko bamwe ndetse bataravavanura na Petero NKURUNZIZA ndetse bamwe bakaba bari no mu nzego arongoye. Ariko ngo hari abo batarigera bahurira ku kivi na kimwe kugeza uno musi kuva mu 2007 ari nabo basya batazambaye mu gushigikira PETERO NKURUNZIZA mu migambi yiwe igayitse. Aribaza ko uko kuza barahura imigenderanire izonaguka na cane cane ko Petero NKURUNZIZA bapfa bahavuye batahura ico ari.

4. Ku bijanye n’umukuru w’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI aherutse kwinjira mu nzego ziyamirizwa n’isi yose yamenyesheje ko RWASA AGATHON ashobora kuba yanabitewe n’uburyarya bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamwe bamwe usanga bakunda gutega imitego abo vyitwa ko basangiye ikivi bamwe bamwe. RWASA rero abafise abamusharika bakamugwanya kumayeri ivyo bikaba nkumbure vyaramuruhishije. Muri ADC ntiyorohewe, RANAC mwarunvise ko bitamworoheye n’ibindi.

El Hadj Hussein RADJABU ku bwiwe ngo RWASA AGATHON yarihuse kuko yari ahagaze neza mu banywanyi biwe .Kuri ivyo bijanye n’iyo ngingo y’uwo mukuru wa FNL yatotejwe , Radjabu HUSSEIN abona ko hamwe yokwiyunga na Jacques Bigirimana bagahamba agafuni k’urwanko na rirya uwabateranya ubu atanyungu akibifise mwo umugambwe wabo FNL ushobora kunaguka n’abanywanyi babo bagasubira kurema kuko ubu bisa n’uko bacitse inkokora bikaba bibagora kwunva ingene bokwegera RUHEKURABAVYEYI ubu ata n’ibiganiro bibaye. Ngo nta NKURUNZIZA PETERO azokworohereza umushingamateka RWASA AGATHON kuko afise inzigo y’akazikira.

Radjabu Hussein yashikirije ibitari bike ku bijanye n’iyo ngingo ya RWASA AGATHON hamwe n’inyishu ku bindi bibazo.

Publié le 30 juillet 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 3 Commentaires.

  1. Fidèle Bakanibona

    L’avenir nous reserve bcp,chers freres et soeurs.

  2. Ivyaba nye politiq biragoy kdi vyaturuhij

  3. basha nibagerageze ariko ntawukubita urugohe

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :