Réaction de RADJABU Hussein après l’assassinat du général NSHIMIRIMANA

Réaction de RADJABU Hussein après l’assassinat du général NSHIMIRIMANA

UGUHOZA UBURUNDI BWABUZE LIYETENA JENERALE ADOLPHE NSHIMIRIMANA , IMWE NTWAZANGABO NKURU MU NGABO Z’IGIHUGU FDN ,KURI UYU WA 2 MYANDAGARO 2015.

IMG-20150802-WA0008Ka munyagihugu yagendanye n’umuhisi Adolphe Adolphe Nshimirimana uburundi bwabuze mu gatondo ko kuri uyu wa 2 Myandagaro 2015 agandaguwe n’abantu bitwaje ibigwanisho , dufashe aka kanya ko guhoza umuryango wiwe ,abamuzi bose ku rugamba ,inzego z’umutekano z’igihugu hamwe n’abarundi bose .

Turaremesheje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza twongera tumushimira kuba yahojeje abarundi ku bijanye n’urwo rupfu .N’ibintu abarundi tutari tumenyereye kuko igihugu c’uburundi camye kibura intwrari ziri ku kivi haba mu gihugu canke iyo zaroye kugarura umutekano hanze y’igihugu.Petero Nkurunziza areretse abarundi ingendo ibereye bataziga .Biraboneka ko iyo ataba asigaje imisi mike ngo ikiringo ciwe ca kabiri kirangire ,canke yaba yari arekuriwe gutwara ikiringo ca 3 yohindutse ko buryo ingeso yo kuba sindabibazwa ku maraso y’abarundi aseseka uko bukeye uko bwije , yoyikize maze abarundi akama abaremesha nk’uko yabikoze uno musi.Nayo ku butwari bwa Liyetena Jenerale Adolphe Nshimirana twisunze ivyashikirijwe na Petero Nkurunziza mw’ijambo ryiwe ryo guhoza abarundi turamushimiye .Turazi ndetse ko mu 2012 Adolphe Nshimirimana ari mu barundi bake umukuru w’igihugu yambitse umudari w’intwari zaranze Uburundi mu myaka 50 bwari bumaze bwikukiye.

Adolphe Nshimirimana hari abarundi batari bake bari bamufitiye ishavu bamukeka canke bamuremeka ko ibijanye n’akajagari kazingamitse uburundi.Abo bomenya ko ta butungane burakora kandi ko atawuramusheza.Adolphe Nshimirimana yakorera uburundi nabwo bukaka buramutswa Petero Nkurunziza.Uno, yashimye ingendo y’iyo ncuti twabuze ndetse asaba abarundi kuyigana. Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza Petero Nkurunziza aha twomwibutsa ko abarundi barazwa ishinga n’ingendo yiwe cane cane kuko Adolphe Nshimirimana we atigeze atwara uburundi. Ahanje ,ivyiza Adolphe Nshimirimana yakoze abarundi tubikesha shebuja nyene kumutuma. Dusavye Petero Nkurunziza gutera iteka Adolphe Nshimirimana mu guyezurira abarundi ,akagarukana umwuka mwiza mu gihugu wasinzikaye kuwa kuwa 25/4/2015 (aho yigena ngo aze yitoze ku nguvu ,mu kwiyamamariza gutwara ikiringo ca 3 ) ,kandi wari usanzwe ugoyagoya. Arakwiye guheba aga ko kwitwararika gusa inyungu ziwe , maze abarundi bakava mu marushwa barimwo, n’aka kajagari kaguma gatuma amaraso y’abarundi aseseka.

Imana imwakire ,ihe agaciro ivyo vyiza Petero Nkurunziza yashingiye intahe.

Honorable Hussein Radjabu

Publié le 3 août 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 22 Commentaires.

  1. Imana niyo izi vyose, gucira urubanza abandi biroroshe, ivyo muvuga vyose mumenye Uhoraho abunva.

  2. Nduwarugira Oscar

    C’est dommage qu’un peuple peut vivre l’irréalité de sa réalité!Un peuple qui n’apprend pas de son passe court a son péril!

  3. Raja burya yari General? Urazi General ni nka se Burundi. Uwica aba civils ngo ni Generali atigeze atsinda ingwano. Mutumvikanye waza wumva ngo mushikane. Mbega mumaze guhindura no muguhirika abategetsi ba Fdd cndd ba Nkurunziza na equipe yiwe yamabwa wabakuyehe ko wari ufise ijambo ryanyuma!

  4. Reka sha indirimbo iraho niyo ibivuga neza. INTARE IPFUYE IRUTWA N’INSAZI NZIMA.Abigira IMANA irabagaragaza bagapfa batanaraze. Raba uwakabiri mu Gihugu ingene yagaramye mw’ibarabara ata n’urusoro ruvuze, nne ingabo zimze iki?Ya mahasa yo ku mutakura, na bo birirwa baha za ngona ziwe canke babicarika muri acide, canke babavuna imigongo baramuhumiye, AYUBU, KAZUNGU, NDAKUGARIKA, …..bicanyi biwe ejo barishura amabwa bakora.Nibisubireko hakiri umwanya. Amatohoza ntaco azoshikako mugihe uwabatumye ibikorwa vy’umuzimiza ariwe yamwishishe. IMANA itubabarire.

  5. J’aime l’ironie de Radjabu! Il se souvient de sa torture à Mpimba! Nico gituma akoresha un tel langage kandi il sait de quoi il parle kuko il a cotoyé ce monde corrompu avant qu’il se retourne contre lui. Il a tout dit dans son message!

  6. Ndishura le commentaire d’un certain Kimana. Son message a été posté exactement à 10 h 03 minutes. Mumanutse hepfo sur cette page, c’est le message en bas. Kimana we! Mes condoléances les plus émues! Ishavu riraniga ndabibona si agaseseshwa rumuri. Uriko uratubwira ko les escadrons de la mort de feu Nshimirimana bariko barica inzoya! Shishikara utubwire sha wivugire n’akari Imurore. Iyamamure urokomboke isi yose imenye iryo mugona! Niba wumva kandi ukavuga Igi Swahili, « Nenda umambiye Farao siku zimetimia». Have a nice day!

  7. ntawe ntuka kandi ntawe mbuza kuryoherwa mugabo ntitwibagire ko naho umuntu yokora ibibi bibaho ntabura nkakantu na gayoya keza ashobora kuba yarakoze.Reka rero kuzivya aboba bafise ivyo vyiza boba barabonye kuruwo nyakwigendera nabo babivuce kandi ndazi ko biriho.nkajewe nkunda foot ndaei ico yamariye Intambq be na Muzinga lukubaterera

  8. inzira ija mw’ijuru

  9. Radjabu yavuze neza kuko aramuzi basangiye ibitari bike kandi kuva CNDD FDD itanguye gutwara na rajabu bari kumwe kandi ubwo ama dssier amwe amwe y ubwicanye n ‘ ibindi bamwagiriza aho usanga na radjabu abizi. Urupfu rero ni rubi uko rumeze kwose kandi nibaza ko abamwishe ari inkozi z’ ikibi. nta numwe apfa ngo abure abarira canke abanezererwa kuko bivana n’ ico uwo muntu yari amaze canke amariye abandi.
    ces commentaires ne construisent pas les Burundais. Nous sommes appelés à respecter la dignité humaine et faire du bien. Il est parti , à nous d’ apprendre des leçons et prouver le contraire. Surement qu’ au Burundi, l’ histoire nous cache pas mal des hommes bashobora kubazwa amabi atandukanye igihugu gihitiyemwo n’ ubu kikiriko.

  10. Nkurunziza pierre yavuze ngo; aba mukunda bakore nkawe. So, niba mwibaza ko ivyo yakora vyaba bibi nkuko benshi babivuga canke vyiza naho numva batabidoma ko urutoke gusumba ibibi yakoze! jewe mbona ico yakora cose kigiye kubandanya kuko abo bakorana bariho.

  11. emwe Adolphe niyaja mw ijuru ; ntanumwe azosigara ! mugabo Imana Irakomeye amarira yateje imiryango sinarinziko hari urupfu rwo mukonya ! Yari tigre en papier ! General apfa ntihagire n’urusoro 1 rusohoka!Peter yarabivuze ati ubu caporal arafata General akagenda amwicayako ; aho yavuga ba Cyrille Ndayirukiye none ehe raba general umengo n’akayabu gapfuye .

    • Museremu François

      Il faut toujours donner votre nom complet en cas de commentaire pour éviter de semer la confusion sinon vous risquerez d’être poursuivi pour usurpation de l’identité .
      A bon entendeur salut.
      Museremu François

  12. Je sinarinzi ko Rajabu ari umupoliticien de ce calibre. Kuri jewe, il a bien parle. ni umupoliticien kand ni umulider. Iyo mvugo akoresheje peut lui permetre de recuperer facilement les homes d`Adolf. N`oublies pas que ces homes ont une histoire. Et s`il parvient a recuperer ces homes d`Adolf, il sera encore unefois dans la position de force.

  13. Umwe wese yiyamamure uko avyumva nuko yoba avyiyumvira ariko hakaba abariko batsitazwa n’urupfu gumuntu nkawe niyigumye kuko ntamuntu numwe yacunguye naboba bavyibaza nukurota kuko yazibiye gwiwe gusa ivyabasigaye birabarindiriye kiritse uwuzi ko adafise icaha nakimwe wewe azoduga n’amaguru.

  14. sha ndumiwe nivyo wanditse pe.erega ntiturabana burya turabibona ntaciza yakoze atari ibibi vyamuranga

  15. Imana imwakire. nkuko Hussein abivuze, reka turabe ibikurikira, nimba nyakwigendera bama bamushirako ibi na biriya atarivyo, bizoheza bigararagare! Ariwe bizohagarara, atariwe bizobandanya! Wait and see!

  16. burya iyo umuntu apfuye avugwa neza !!!ko mutavuga ibibi vya muranze???burya abaryohewe ko yabavuyeko ni benshi kuko ntaciza yadukorey twebwe abarundi

  17. Iyomvugo y’ikigamba wayigiyehe?

    • urabaza abanyakamenge ko ataco yakoze none woho umaze kumara iki ahubwo uri ikijuju aho urazi inzoya zapfuye ejo .mwihende mukore kuri peter azopfa nka samusoni urazi ko samusoni yahitanye abantu benshi

      • Ntavyo gutukana birimwo. Turahojeje abo yaratunze. Nta Burundi bwabuze, ya jenerari w’imbonerakure. Imana yaramaze ibikoko vyari bigeramiye ibindi biremwa come les dragons. Na Nkurunziza ntiyiyite éternel zirariye mitunda zirarije mihama.

      • Merci de prendre note que des lecteurs qui ne parlent ni lient le Kirundi vous suivent quotidiennement. Pensez a eux en traduisant vos documents/interviews en francais qui est une langue universelle. Merci

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :