Création d’un mouvement d’auto défense au Burundi

Création d’un mouvement d’auto défense au Burundi

dsci0859

Publié le 19 septembre 2015, dans BUJUMBURA News. Bookmarquez ce permalien. 29 Commentaires.

  1. uwuzorukarisha ruzomumwa ubu sihamwe mwbwira abahutu ko inkoho irasira hose nabo baravyize tuzopima amazi nifu hanyuma uwunesheje uwundi amutware.

  2. Audifax, quand il parle, on sent qu’il parle de quelque chose qui lui vient du cœur car il parle pour tout le monde et il DETESTE les gens qui meurent, peut importe qui ils sont.
    Mbega Mana ya Abraham Isaac na Yakobo, ntiwoduha umutegetsi arajwe ishinga n’agateka n’umutekano wa bose? Ikibabaje, abantu nk’abo, bakiri comme tout citoyen, ils pensent comme il faut. Il suffit qu’ils soient mis en haut, ils deviennent insensibles et cruels comme leurs prédécesseurs.
    Mega Mana ya Abrahamu, Isaac na Yakobo tuzokizwa n’iki? Mbega Mana ntiwoharira ibicumuro vy’abarundi, abarundi bose bagahinduka hanyuma bakaronka amahoro?

  3. Nimunyaruts ahandi hoho baratumara

  4. imana ikuje imbere

  5. Ahubwo nyarutsa twebwe abo muri bujumbura rural baraduhenda abo banye NGOZI baraduhenda uwo rwasa twakwirikiye hari ico yatumariye atari kutwicisha…ubu rero mutama ndabitoreye turi inyuma yawe wewe w’iwacu uzoduteza imbere.komera mutama.

    • ko umengo ako kama karimwo amacakubiri y’intara kandi ari muvyo turiko turashaka kurengera mu burundi. reka abarundi twanke ikibi uko citwa kwose naho cova hose mugabo mu ciza twiyunge twese kandi duhaguruke twese tugiharanire kuko intumbero ari iyo kurwanya ikibi no guhagararira iciza gusa. Ubwicanyi, Ubusuma, Ikinyoma n’ibindi bibi vyose vyugarije igihugu cacu tuvyanke kandi tuvyiyamirize kuwuzobikora wese tutaravye ubwoko canke imigambwe canke amamuko.

      reka ncuti twubake uburundi bw’abarundi bose buzira urwanko n’amacakubiri yatugejeje kure.

  6. Les Canadiens d’origine Burundaise turagushigikiye. Komera, kandi tubone resultas vuba abantu bareke kwama barara ntibuca.

  7. Abarundi bararushe cane, ndibaza ko iyi revolution alliance izokomera kandi uyu mugambi ugashigikigwa n’abantu bose bakunda abarundi nu Burundi. kanatsinda abarundi bamye bakundana, basangira bose uta wandya wangura. Aba politiciens nibo bishe igihugu. Ndashigikiye Audifax kuri uyu mugambi. Nta gutwagwa n’imbwa vraiment. Burundi bwacu burageze gutera imbere, agacinyizo nikave munzira. Nkurunziza n’abo bakurana n;abahemu bigihugu n’abarundi. Bakwiye gucibwa urubanza rubi cane, maze bakishura urubwa bateye uburundi. Vive la revolution alliance HAGURUKA!

  8. Mwari mwaratevye tubwire imigambi itomoye hama tumenye ingene dufasha turinyuma yanyu ,ico nico twashaka kuva kera ,

  9. Bwa bundi nari nkijuragirika nizera ngo CNARED har’ico iriko irategura,kumbe shwi???!!Ariko ga yemwe ububeshi n’ibihuha bizohera ryari?NIYOMBARE ubwo ntiyapfuye kweli?Uko biri kwose AUDIFAX n’umugabo w’ijunja,nizere ko atagiye kuyaga amasigaracicaro!!Urwaruka rwo muri BURKINA FASO rutubere akarorero,duhaguruke atawusigay’inyuma turwane n’ivyo bimwenyi murabe ko tudatsinda!Kwigira ntirumveko canke sindabibazwa nta teka bizoduha!!!!!

  10. turagushigikiye 100%/100%!!!!

  11. J’ose donner une remarque à celui qui vient de dire que la FDN n’appartient qu’une partie à UPRONA, CNDD et à FNL. La FDN représente la force nationale et protégé tout burundais.
    Pour défendre la nation, on ne doit pas absolument passer dans le maquis, le monde évolue et Audifax a peut être une autre façons de defendre sa patrie, puisse ce que la FDN burundaise reste passive en face de tous ces burundais perdus. Chacun de nous se pose la question du role que joue cette FDN? La crise actuelle au Burundi est-elle normale devant cette FDN? Cette FDN est-elle consciente de ce que le Burundi traverse? Cher Audifax courage et rassemble tout burundais conscient derrière votre dynamisme.

  12. je soutiens cette démarche.

  13. le temps des dirigeants dinosaures est revolu, les temps que nous traversons ne sont que des moment de nous en decoudre definitivement meme dans la ipensee. Malheureux ceux qui veulent nous y enfoncer.Il verront ou la force et la colere des burundais peuvent arriver. Rwagosore et Ndadaye sont toujours vivants. vive l’ Independance, vive la Dmocratie.

  14. MANISHA ALAIN BODO

    imana gusa iravyibonera

  15. Turamushigikiye. Nta yindi nzira nimwe abarundi bocamwo kugira barwanye Nkuurunziza, Nyamitwe, Bunyoni na Nyabenda bifatanije n’interahamwo zagize itsembatsemba mu Rwanda. Murabonako abarundi badahagurutse iryo tsembatsemba rihitana abarundi bo mu bwoko bwose zizohava rivamwo ubwicanyi buhagaze ku moko kuko nivyo ako kazu ka Nkurunziza kipfuza!

    Nakunze izina: Revolution Alliance Haguruka – Muri ayo majambo atatu harimwi rimwe rikomeye cane: Alliance: Nukuvugako abarongoye iyo movema botangurira ku nyigisho za misi yose babwira abarundi, cane cane urwaruka Nkurunziza amaze imyaka agaburamwo imirwi ko bose ari abarundi! Ko bose borwanira ubutegetsi bukorera abarundi bose! Ko bose bakenewe mu gikorwa co guhagarika ubwicanyi bagaheza bagafasha guteza imbere igihugu.

    Burya hari ibintu bishika rimwe mu buzima bw’igihugu: Kubona Nkurunziza na ba nsumirinda bamukikije, nabitwaje amacakubiri bakoresha amajambo yokudomeka umuliro w’ivyamoko ngo za « majorite silencieuse » canke ngo « ubwinshi »barananiwe! Vyerekana ko abarundi iiyo bava bakagera bipfuza amahoro, vyerekana ko abarundi batipfuza gusubira mu buja. Ego benshi Petero Nkurunziza yarabahitanye, ariko urugamba rwo guhabuza igihugu bimwe nya nyakuri niho rugitangura!

    Kuva u Burundi bugwa mwisanganya bukabura umuganwa Rwagasore nabari bamukikije, abarundi bahavuye basubiranamwo, nkuko umushingantahe Ndabitoreye abivuga, igihugu caciye kiramutswa amaraso. Impfuvyi, abaphakazi. Urwanko mu barundi ruca ruratsimbatara hanyuma abanye politike bahinduka ba nsumirinda. Ahari abagabo nka ba Rwagasore na ba Ngendandumwe hasigara ba ntirumveko, abasavyi bikika mu kiza kubera amaronko ataho ahagaze.

    None lero,ari CNARED, ari Revolution Alliance Haguruka igikorwa ca mbere nukwigisha! Kwigisha abarundi ko umugabo yatirwa kubera ubutwari bwiwe atatirwa kubera ubunini canke uburebure bw’amazuru yiwe! Umugabo ahabwa ijambo kubera ubushingantahe bwiwe.

    Urugamba ntiruzorwanwa nibirwanisho canke ubwinshi, urugamba ruzorwanwa nikiri mu mitwe y’abarurwana! Iyo Alliance lero itabaye abarundi bazokwikwega mu guhaguruka bitume iyo revolution icumbagira.

    Mwarabonyeko abo bana babahutu, aba bana babatutsi abo bana mutazosubira kwitirira ubwoko nuzokwita bene Burundi bari bagerageje bikwiye. Kuva baja kwakira umumenyesha makuru Bob Rugurika yari yazize ukuri kwo kurwanya ubwicanyi bwa Nkurunziza, Mwarababonye mu mabarabara baja kwiyamiriza icinyizwa ry’amategeko. Aho hose nta muhutu, nta mututsi bose barikumwe bahagara bwuma kugira bihe agateka bati: Turanse kuba abaja! Turanse gutwarwa n’ibisuma, abicanyi, abashira imbere amacakubiri. Petero Nkurunziza n’izindi mburakimazi baciye bakoresha inguvu, bararasa abarundi baramira mu mahoro. ivyaje mu nyuma turabizi.

    Murumva lero ko mu gihe mubaye abayobozi beza, abashingantahe nyakuri iyo revolution ije abarundi bose bayinyotewe, bazoheza bayitabe! Ariko, nkuko mubizi ba Nyamitwe, Nkurunziza, Bunyoni, Nyabenda, Rwasa baratamvye barirorera, barakoze amaraso none ntawukibaha nirwere! Ishavu riraniga, ntaco bafise bakora atari kwirirwa barategura imibare y:abicwa, abafungwa, abakubitwa izikubitwa inzoka. Birirwa barahiga urwo rwaruka barwikeka, eka murumvako bataye ubwenge! Bazoheza bakoreshe uburyo bwa leta kugira barwanye iyo revolution!

    Kenyera zigume! Imana iri kumwe n’abarwanira ukuri!

    • Uravuze neza gose Guevara! Igikorwa ca mbere ni ukwigisha urwaruka, n-abarundi bose b-ubwoko bwose philosophie nshasha y-ubumwe kugira bikureko iyo ntwaro ishira imbere amacakubiri. Urakoze kutubwira ayo makuru y-i Burundi!

  16. Mu Burundi, hari igisoda ca Uprona n’igisoda ca Cndd-Fdd na FNL, izindi mouvements à part Imbonerakure, ntizemerewe gukorera mu Burundi buramutswa Nkurunziza. None Audifax ivyo avuga ni ibiki? Est-il sérieux ou non? Nagende muri maquis pour un combat légitimé, sinon mu Gihugu hagati ntibishoboka. None Imbono Charisma atwara izoca ifata nde ko umengo nayo iramutwa Audifax?

  17. Cher Audifax le Burundi a urgement besoin d’un sauveteur courageux comme vous, j’admire votre volonté et patriotisme. Ditez à vos compagnons que les mots s’oublient vite, montrez aux Burundais ce que vous êtes capables et ils vous suivront et retiendront qlqchose et qu’ils vous laissent suivre vos intuitions, vous saurez leurs montrer ce dont vous pourrez et ils vous en seront reconnaissants.

  18. Un très bon projet Mr Audifax, turasavye ko abantu bapfungiwe muri documentation bapfungurwa le plus rapidement possible.

  19. Nukuri tugushigikiye ijana kw ijana ahubwo Abantu bose ni bumve ako kamo kandi bamenye ko batatabaranye atawundi muti Niturabire ku banya Perestine ingene bavira hasi
    rimwe mukugwanya ubateye
    Nimumenye ko Nkurunziza abantu batamuviriye hasi ntaco azosiga gihema ,turavye amabi
    yakoze kuva agiye ku butegetsi
    Ntimubone Abapolisi ngo muje kwinyegeza ahubo nimubabaze ioco bashaka baje kutwara
    umuntu mwanke barondera kubarasa nimubatere amabuye canke mwikore kuco mufise
    Ikindi nuklwo Ama syndicat yohagarika akazi mu ntumbero yukugandarira abarundi baguma
    bicwa bofata imisi itatu

    • Audifax aratanze iciyumviro ciwe kandi muribi bihe uburundi burimwo ntakindi cari gisigaye kuko kuvuga gusa twarabonye ko bidakwiye. Ariko rero naho ico ciyumviro twagishimye turakeneye kumenya ingene abona kugishira mu ngiro kwaco. Ku gwana nico gipolice gifise ibigwanisho bicira umuriro nawe ufise amabuye sinibaza kwarikwo kwirarira atubarira kuko ndamuzi ko aciye ubwenge abona ko bitoshoboka kwoba ari uguta abantu bagahona. Nomusaba yuko ico ciyumviro afise yoraba ko hoba hatariho abandi bagitanguye bakaja hamwe aho kugira utudumbi dumbi. Kandi nomusaba yuko akorana na CNARED n’abandi bose batemera le gouvernement autoproclamé de Bujumbura. Ensemble nous vaincrons.

  20. Turagushigikiye caaane!

  21. imana ntaco ikorerubusa!kumbure abarundi bazoguma bamurikirwa nkuko!uwataco yiyagiriza aguma mumaboko yumukama

  22. Audifax Ndabitoreye for President! Uyu mushingantahe arakerebutse, kandi arakunda igihugu ciwe. Uyu niwe Obama mushasha w-Uburundi! Abarundi mwaronse umu leader akerebutse kandi abishoboye. Nimumuje inyuma rero, amahoro n-amajambere bigaruke i Burundi. Yes, we can! Yes, we can ! Yes, we can!

Bienvenue sur notre forum de discussion. Postez votre commentaire en restant courtois et poli. Les commentaires redigés en MAJUSCULES ne passeront pas. Merci.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

%d blogueurs aiment cette page :